أَلَمْ تَرَ كَيْفَ فَعَلَ رَبُّكَ بِأَصْحَابِ الْفِيلِ
Ntumwa y’Imana! Mbega, ntiwamenye ingene Imana yawe Rurema Allah Yagize beninzovu!
بِسْمِ اللَّهِ الرَّحْمَٰنِ الرَّحِيمِ
Kw’izina ry’Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
أَلَمْ تَرَ كَيْفَ فَعَلَ رَبُّكَ بِأَصْحَابِ الْفِيلِ
Ntumwa y’Imana! Mbega, ntiwamenye ingene Imana yawe Rurema Allah Yagize beninzovu!
أَلَمْ يَجْعَلْ كَيْدَهُمْ فِي تَضْلِيلٍ
Umugambi wabo mubi, ntiyawugize impfagusa ukaburizwamwo!
وَأَرْسَلَ عَلَيْهِمْ طَيْرًا أَبَابِيلَ
Iraheza Ibarungikira inyoni ziri mu migwimigwi;
تَرْمِيهِمْ بِحِجَارَةٍ مِنْ سِجِّيلٍ
Zibatera amabuye yokeje, ziraheza zirabahonya.
فَجَعَلَهُمْ كَعَصْفٍ مَأْكُولٍ
Maze Ibagira nk’ivyatsi vyarishijwe n'intungwa hanyuma iravyuza, iraheza ibita ari amahenehene.