3Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu kuri, kugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende, Imana Allah nihabwe icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya.
5N’ibitungwa Yabiremeye mwebwe abantu, Iraheza Ibaha gususurutswa n’ubwoya bwavyo, Ibaha no kwikora ku mata n’insato zavyo, Ibashoboza no kwiyunguruza kuri nya bitungwa; muri vyo harimwo n’ivyo mufungura;
7Biranabungururiza imizigo yanyu bikayishikana mu gihugu ca kure, mutoshoboye kubishikanayo mutabanje kuruha, mugacumukura. Mu vy’ukuri Imana yanyu Rurema Allah, ni Nyenikigongwe mu kubatunganiriza ivyankenerwa mu buzima, Nyenimbabazi ku batoni bayo;
10Ni Yo Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Iraheza Ibaronsa n’amazi mwikorako mu kunywa no mu kuvomera ibiti n’ubwatsi mwahirira ibitungwa vyanyu, mugaheza mukavyikorako mu buzima bwa misi yose;
23Ni ivy’ukuri ko Imana Allah Izi neza cane ivyo bemera bakanabigirira mu mpisho n’ivyo bagirira ku mugaragaro, kandi Izobibahembera. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abagira amanyama mu kutayemera.
27Hanyuma ku musi w’izuka naho, Imana Allah Izobatetereza mu kubahanisha umuriro, Ice Ibabwira Iti: “Bari hehe rero abo mwahora mumbangikanya mukabasenga, ari na bo batumye murwanya Intumwa hamwe n’abemeramana kw’isi! Nibaseruke rero, kugira babakure mu bihano”. Abahawe ubumenyi bakabugendera bazovuga bati: “Ni ukuri, uguteterezwa n’ibihano vy’uno musi, ni ku bagarariji”;
29Kubera ivyo rero, bazobwirwa ku musi w’izuka bati: “Nimwinjire mu miryango y’umuriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera”. Iryo rero, ni ryo cumbi ribi cane ry’abagira amanyama mu kutemera Imana Allah.
40Izura ry’ibiremwa rero kuri Twebwe Allah, riroroshe. Ni ukuri, iyo Dushatse ko ikintu ico ari co cose kiba, Tukibwira gusa Duti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.
41Abakuwe mu zabo bakimuka ku bw’Imana Allah inyuma y’aho barenganirijwe, ni ukuri Tuzobaha icumbi ryiza kw’isi, Tubategekanirije n’indishi y’Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni yo mpembo nini gusumba. Iyo rero abaretse kwimuka bamenya impembo yagenewe abimutse ku bw’Imana Allah, nta n’umwe yari gusigara inyuma;
45Mbega burya abagarariji batega imitego abemeramana, boba batekaniwe ku Mana Allah, ko Itobafuririra mu kuzimu nk’uko Yafuriye Qaaruuni! Canke ko batoshikirwa n’ibihano mu buryo batari biteze!;
46Canke bagashikirwa n’ibihano giturumbuka, bari mu kwishira no kwizana! Nta ho rero bohungira ibihano vy’Imana Allah, canke ngo bayinanire Ishatse kubahana;
47Canke boba batekaniwe ku Mana Allah ko Itobahana mu gihe bafise impungenge zo guhanwa! Burya rero Imana Allah, ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
52Imana Allah ni na Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru no mw’isi vyose; ni na Yo rero Ikwiye gusengwa no kugamburukirwa muri vyose. Aho nyene murabona ko mukwiye gusenga no kugamburukira ikitari Imana Allah!
53Bantu! Inema iyo ari yo yose rero mufise, ikomoka ku Mana Allah; hanyuma iyo mukozweko n’icago c’indwara, c'igeragezwa n’ic’amapfa, ni kuri Yo nyene mugarukako mugatakamba muyiganyira ngo Ikibakureko;
56Ababangikanyamana baraheza bakanagenera ibigirwamana ata co bibamariye, ata n’ico bibiciye, umugabane mu nema zacu Twabaronkeje. Ndarahiye kw’izina ryanje Jewe Allah, ko mu vy’ukuri muzobazwa ku musi w’izuka ku vyo mwari mwararementanirije Imana Allah kw'isi;
57Bakanomekera abamalayika ku Mana Allah ngo ni abana bayo b’abakobwa ku kwanka gusa abakobwa. Ukuninahazwa ni ukw’Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayomekera! Bagaheza bakiyitirira abana b’abahungu ku gukunda gusa abahungu.
59Yinyegeza abantu kubera intuntu n’iceyi yibwira ko yatewe no kwibaruka umwana w’umukobwa, yijijanya imitima ko yokwemera ico ceyi akareka nya mwana agakura, canke ko yomuhamba akiri muzima! Bantu, nimwumve mwumvireho! Ukwomekera kw'ababangikanyamana abana b’abakobwa ku Mana Allah, bakiyitirira abana b’abahungu, ni ingingo mbi cane.
60Abatemera ko hariho ubuzima bw'inyuma yo gupfa ngo babwitegurire, barangwa n’ingeso mbi y’ubugarariji, ubujuju no kuba batikenuye; Imana Allah na Yo, Irangwa n’ukuba Ifise amazina n'amatazirano meza n’ukuba Yikenuye muri vyose. Ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
62Bomekera ku Mana Allah abana b’abakobwa badakunda, bakanavuga babesha mu kwihenda ko bafise iherezo ryiza! Ni ivy’ukuri ko bategekanirijwe umuriro, n’uko bazoherayo amazimayongo.
66Bantu! Mu vy’ukuri mw’irema ry’ibitungwa, harimwo inkebuzo kuri mwebwe; Tubanywesha mu biciye mu nda yavyo, amata nya mata, ahinguwe mu ruvange rw’ibica mu mayezi n’amaraso, aryohera abanywi ntibashishwe;
68Ntumwa y’Imana! Imana yawe Rurema Allah, Yareretse inzuki intumbero y'ukuntu zikwiye kubaho, Iti: “Muratondagira ku misozi no ku biti muhagire inzu (ibitiba), no ku nyubakwa z’aho abantu baba no ku nsenge zaho, na ho nyene murahagira inzu (ibitiba);
73Ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata na kimwe bishoboye, ntibishoboye kubaronsa ivyobabeshaho biturutse kw’igwa ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, canke bivuye mu mwimbu w’ivyarimwe kw’isi. Eka nta na kimwe bishoboye, vyongeye ntibinakwiye kuba hari n’ico vyoshobora.
75Imana Allah Yarabaciriye agace k’umuntu agabwa n’uwundi, akaba ata na kimwe yigabira; n’ak’uwundi muntu yigenga, akishira akizana, Twebwe Allah Tukaba Twamuronkeje ibimubeshaho vyiza birekuwe, maze akabitangako imperezwa mu mpisho no ku mugaragaro. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore! Ni ukwo rero, Imana Allah Yaremye, Yikenuye, ntishobora kunganishwa n’ibiremwa vyayo. Ishimagizwa rero, ni iry’Imana Allah, ahubwo abenshi mu babangakikanyamana ntibazi ko Imana Allah ari Yo Ikwiye gushimagizwa no gusengwa.
76Imana Allah Yarabaciriye agace k’abantu babiri; umwe muri bo akaba ari nyamuragi ata co yimariye, ata n’ico yomarira abandi, kiretse ko we ari umutwaro uremereye uwumutunze, ico ari co cose amutumye gukora, ntiyigera ashobora kugitunganya neza. Uwugira kabiri muri bo, akaba ari umuntu akomeye uduhimba twose, hari ico yimariye n’ico amariye abandi, akabwiriza kugendera ubutungane, kandi ari mu nzira igororotse. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore!
77Imana Allah, ni Yo Rumenyi w’ibinyegejwe ibiremwa mu majuru no mw’isi. Kuri Yo, ishirwa mu ngiro ry’ingingo y’isango ry’umuhero w’isi, ni mu kanya isase nk’ikubita ry’urugohe canke mbere mu kanya ubusa kari musi yakwo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose.
78Imana Allah, Yabakuye mu nda za ba nyoko hageze kuvuka, ata na kimwe muzi; Yabahaye n’ibihimba bituma mumenya mugatahura, Ibaha amatwi, amaso n’umushaha, kugira muyishimire mu kuyisenga ari Imwe Rudende.
86Ababangikanyamana na bo ku musi w’izuka, nibabona ibigirwamana vyabo, bazovuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ibi ni vya bigirwamana vyacu twahora dutakambira mu gishingo cawe, maze tukakubangikanya”. Nya bigirwamana na vyo bizokwishura bibeshuza ababitakambiye biti: “Babangikanyamana! Mu vy’ukuri, murabesha kuko twebwe ntitwigeze tubategeka kudusenga, eka ntitwanigeze tubabwira ko dukwiye gusengwa, nimwipfane”.
87Ababangikanyamana rero kuri uyo musi, bazoheza bace bugufi ku Mana Allah; ivyo bahora basenga mw’irementanya na vyo, bizozimangana bigende amazimayongo.
93Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubagira mwese umugwi umwe, Ikabahatira kuba abislamu, ariko rero Ituma uwo Ishatse ahuba ku butumva bwiwe, Ikarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe; kandi ni ukuri, muzobazwa n’Imana Allah ku musi w’izuka ku vyo mwakoze kw’isi, Iheze Ibibahembere.
95Ntimukisubireko rero mu gufata isezerano ry’Imana Allah mukarihindura kugira ngo muriguze ibintu vy’agaciro gato cane mu vy'isi. Mu vy’ukuri, mu gihe mwokwubahiriza iryo sezerano, indishi mutegekanirijwe n’Imana Allah ni nziza gusumba nimwaba muzi gutandukanya ivyiza vyo kw’isi n’ivyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
96Ivyo mufise mu bihendamaso vy’isi birahera, nayo ibiri ku Mana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa vyamaho. Ni ukuri, abihanganiye iyubahiriza ry’amabwirizwa yacu kw’isi, Tuzobahemba indishi yabo nziza ibereye ku vyo bari barakoze kw'isi.
97Uwukoze iciza rero, yaba umuhungu canke umukobwa, akaba yemera n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, ni ukuri Tuzomuha ubuzima bwiza bw’iteka n’itekane kw’isi n’aho yobaho akenye; kandi ni ukuri mu buzima bw’inyuma yo gupfa, azoba ari mu bo Tuzohemba indishi yabo nziza ibereye ku vyo bari barakoze.
102Ntumwa y’Imana! Babwire ko Qor’ani, yamanuwe vy’ukuri na Mutimamutagatifu Jibrili, ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ku kugira iyo Qor’ani itsimbataze abemeramana, ibabere n'uburongozi n’inkuru nziza, iremeshe n'abislamu bicisha bugufi ku Mana Allah.
104Mu vy’ukuri abagararije mu kutemera Qor’ani, Imana Allah ntizobashoboza gutumbera ukuri, barategekanirijwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
106Abadohotse mu kwemera, bakatura ubugarariji inyuma y’aho bahora bemera Imana Allah, abo barakwiye gushavurirwa n’Imana Allah. Uwuhatiwe ku bugarariji akabwatura ku rurimi gusa, mu gihe umutima wiwe ugitsimbataye ku kwemera, uyo nta kabi kuri we; ahubwo akabi n’akabibi ni ku watuye ubugarariji ku rurimi abikuye ku mutima. Uyo rero ari mu bashavuriwe cane n’Imana Allah, baranategekanirijwe n'ibihano rutura;
107Ivyo biri ukwo, kuko bahisemwo ubuzima bw’ibihendamaso vy’isi bakabuhurumbira, ha guhurumbira indishi zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Imana Allah na Yo Ikaba Itarongora mu nzira yayo abantu b’abagarariji.
108Abo ni bo rero, Imana Allah Yateye ikimangu c’ubugarariji ku mitima yabo ngo ntishikirwe n’umuco w’ukwemera, Irabaziba n’amatwi ngo ntibategere amabwirizwa yayo, Irabahumya n’amaso ngo ntibabone ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende. Abo, ni na bo rero bagoswe mu kutamenya ibihano bibarindiriye.
110Hanyuma rero mu vy’ukuri, abahohotewe bakiri i Makka, bakageragezwa mu guhatirwa ukwatura amajambo ataroranye n’ukwemera, mu gihe imitima yabo igitsimbataye ku kwemera, mu nyuma bagahunga bakimukira i Madina, hanyuma bagaharanira idini ry’Imana Allah bakanihanganira ishira mu ngiro ry’amabwirizwa yayo, mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, inyuma y’ukwigaya kwabo Yarabababariye, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
111Ntumwa y’Imana! Ibutsa abagarariji intureka z’umusi w’umuhero w’isi, igihe umuntu uwo ari we wese azokwivugira ku gatwe kiwe yiregura, maze Imana Allah Igatunganiriza umuntu uwo ari we wese ku vyo yakoze, nta n’umwe muri bo rero azorenganywa mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke mu kugabanirizwa indishi.
112Imana Allah Yarabaciriye agace k’igisagara ca Makka cari kibayeho mw’iteka n’itekane, kikaronka n’ibikibeshaho bivuye mu mihingo yose, hanyuma bene co barihakana inema z’Imana Allah mu kuyibangikanya, Imana Allah Iraheza Ibahanisha inzara no gutekerwa n’ubwoba bitewe n'ibintu bahora bakora.
114Bemeramana! Nimufungure mu vyiza birekuwe, Imana Allah Yabahaye, muheze mushime inema z’Imana Allah mu kuyigamburukira nimwaba koko ari Yo mwiyegereza mu vyo mukora vyose.
115Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaziririje kuri mwebwe kurya intumvyi mu bitungwa, ikiremve (ubuseri), inyama y’ingurube n’igitungwa cabagiwe ikitari Imana Allah. Ariko uwuzohakwa kwicwa n’inzara, agafungura kuri ivyo biziririjwe, mu gihe atokwirenganya mu kurengera ku bitarekuwe, canke mu kurenza urugero rwo kwivuna inzara, uyo rero nta kabi kuri we, kuko mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
116Babangikanyamana! Ntimukabeshere Imana Allah mu kuvuga ko iki kirekuwe kandi Yarakiziririje; no mu kuvuga ko kiriya kizira kandi Yarakirekuye, ivyo mukabivuga kugira murementanirize Imana Allah. Mu vy’ukuri, abarementaniriza Imana Allah ko Yarekuye ikizira canke Yaziririje ikirekuwe, ntibazokwigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi eka no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
١١٧مَتَاعٌ قَلِيلٌ وَلَهُمْ عَذَابٌ أَلِيمٌ
117Baryoherwa akanya gato gusa n’ubuzima bwo kw’isi, baranategekanirijwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
120Mu vy’ukuri, Ibrahimu yari indongozi mu bugwaneza vy’ukuri, agamburukira Imana Allah, asenga Imana Imwe Rudende Allah yicishije bugufi, kira noneho Ibrahimu ntiyari no mu babangikanyamana;
122Twaranamuhaye Twebwe Allah kw’isi, inema yo kuyagwa neza n’abantu, akabera akarorero keza n’abarutse mu nyuma, no kuronswa ikibondo ageze mu za bukuru. Mu vy’ukuri, Ibrahimu ari mu bantu b’aberanda bubashwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
123Ntumwa y’Imana! Mu nyuma, ni ho rero Twebwe Allah Twaguhishurira ko ukurikira akaranga-mutima k’idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa, yasenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho Ibrahimu ntiyari no mu babangikanyamana.
124Mu vy’ukuri Imana Allah, Yashingiye abayahudi umusi w'isabato kugira ube umusi wo gusenga, ni na wo musi bahazanyeko n’Abavugishwamana barungikiwe, maze barawihitiramwo ubwabo, ha guhitamwo umusi w’ijuma (wa gatanu) bari bategetswe kwubaha no kwubahiriza. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Izobacira urugororotse ku musi w’izuka ku vyo bahazanyeko n’Abavugishwamana barungikiwe, Iheze Ibahembere ivyo bakoze.
125Ntumwa y’Imana! Hamagarira abantu mu nzira yo kwemera Imana yawe Rurema Allah, mu bwitonzi n’ubukerebutsi nta ngere, n’impanuro mu majambo meza abereye, yotuma bahurumbira ukuri, maze uganire na bo muhanahana mu rupfasoni. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwahuvye inzira yayo, ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi.
126Bemeramana! Nimwashaka kwihora uwabahohoteye, murihora mutarengeje urugezo rw’ihohoterwa mwagiriwe; nimwaramuka mwihanganiye ukutihora, ni ukuri bizoba ari vyo vyiza cane ku bihanganye mu kwerekana ubutore kw’isi, no mu kuronka impembo nta ngere mu buzima bw’inyuma yo gupfa.