4Abakorera inteba ishushe intore ata co zinona mu bagore n’abagabo mu kuzagiriza icaha c’ubusambanyi, hanyuma ntibazane ivyabona bine vy’intungane bizagiriza nya caha, murabaha igihano co gukubitwa ibimoko mirongo umunani, hamwe no kutemererwa kuba ivyabona kandi mu buzima bwabo bwose. Abo rero, ni na vyo bigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
5Ariko rero, abazokwigaya mu nyuma, bakicuza kuri nya caha co kwagiriza ubusambanyi intore ata co zinona, bagaheza bakitunganya mu gukora ibikorwa vyiza, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Izobumvira, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
8Kuri iyi ndahiro igira gatanu, umukenyezi wiwe aca yagirwa na nya caha c’ubusambanyi, agaheza agahabwa igihano co guterwa amabuye gushika apfe. Nta gikura ico gihano kuri nya mukenyezi, kiretse ukurahira incuro zine avuga ati: “Ndarahiye ngira Imana Allah Icabona canje, ko umugabo wanje ambeshera ku caha c’ubusambanyi anyagiriza”;
10Iyo hataba impano z’Imana Allah n’impuhwe zayo kuri mwebwe abemeramana, mu gushinga ingingo yo kwahukana kw’abubakanye bagirizanya ubusambanyi mu gihe barahiye, umubeshi muri bo yari guhanishwa igihano yisabiye mu kurahira, ivyo rero biri ukwo kuko Imana Allah ari Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Intungane mu vyo Ikora.
13Abazanye iryo rementanya, ntibari gupfuma bazana ivyabona bine vy’intungane biryemeza! Ku kubera ko rero batashoboye kuzana nya vyabona, abo ku Mana Allah ni bo babeshi ruhebwa.
15Igihe mwahanahana inkuru y’iryo rementanya kandi ari ikinyoma ceruye, mugaheza mukarikwiragiza mu kuvuga ivyo mutazi, mwibaza ko ari ikintu coroshe cofatwa minenegwe kandi ku Mana Allah ari icaha rutura!
22Abatewe iteka mw’idini no mu kuronswa ikibabeshaho, ntibakarahire ko baretse gufasha mu gutera inkunga abavandimwe babo bakenye, abakene batagira shinge na rugero n’abimutse mu nzira yo guharanira idini ry’Imana Allah, maze bakareka kubafasha ku mvo y’icaha bakoze, barabagirira ikigongwe ku caha babakoreye, baheze bacirengagize. None mweho ntimukunda ko Imana Allah Ibagumiriza akabanga ku vyaha mwakoze Ikabababarira! Burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
23Mu vy’ukuri, abakorera inteba ishushe abakenyezi bubatse izabo ata n’ico binona, abemeramanakazi batigera biyumvira na rimwe ko bosambana, mu kubagiriza icaha c’ubusambanyi, baravumwe n’Imana Allah kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, barategekanirijwe n’ibihano rutura mu muriro wa Jahannamu ku musi w’izuka;
25Kuri uwo musi rero, Imana Allah Izobahemba ku vyo bakoze impembo ikwiye vy’ukuri. Aho rero, bazoheza bamenye kandi ko Imana Allah ari Yo Nyakuri, Nyenugutomora.
29Ariko rero, nta kabi kuri mwebwe ko mwinjira mu mazu atagenewe kubamwo abantu mutabanje kudodora, mu gihe hoba hari ico mukeneyeyo; nk’amazu yagenewe kuba uburaro bw’ingenzi, n’ayandi mazu rusangi. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo mugaragaza n’ivyo muhisha.
30Muvugishwamana! Bwira abemeramana bicishe bugufi mu kwunamika amaso yabo mu kutaraba ibizira vyotuma bagwa mu caha c’ubusambanyi, baheze bacungere n’ubwambure bwabo mu kudakora ibizira; ivyo ni vyo bibeza gusumba. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi ibintu vyose bakoze;
32Bemeramana! Murashingira abatagira abagabo muri mwebwe no mu beranda mu ncoreke no mu bashumba banyu. Abipfuza kwabira muri bo nibaba bakenye, Imana Allah Izobakenura Ibahe mu mpano zayo. Burya Imana Allah, ni Nyenimpano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose.
33Abadashoboye kurongora ku mvo z’ubukene canke ku zindi mvo, barigumya mu kudatandukira ibizira gushika igihe Imana Allah Yabakenuriye, Ikabaha mu mpano zayo. Abashumba banyu bashaka ko mwandikiranira bakazobariha amahera kugira bikure mu buja, muraheza mwandikirane na bo nimwamenya ko bafise ishaka n’intumbero nziza, maze mubaterere mu kubaha no mu matungo mwaronkejwe n’Imana Allah, canke mubahebere nya mahera mwandikiraniye. Ntimuzohatire incoreke zanyu ku gushurashura murondera kuzironkerako amaronko y’ivy’isi. Mbega muzishurashuza gute kandi zishaka kwigumya mu kudakora ibizira! Uwuzozihatira gushurashura azoba acumuye. Mu vy’ukuri, inyuma yo guhatirwa gushurashura, nya ncoreke izobabarirwa. Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
35Imana Allah, ni Yo Muco w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, vyose birongorwa n’umuco w’ubumenyi n’uburongozi vyayo. Akarorero k’umuco w’uburongozi bw’Imana Allah mu kurongora abemeramana, ni nk’umwenge uri mu ruhome wegeranya umuco ngo ntushwiragire; muri nya mwenge hakaba harimwo itara, nya tara rikaba riri mu kiyo, nya kiyo kikaba kimeze nk’inyenyeri yakaka, nya tara na ryo rikatswa n’amavuta y’igiti gihezagiwe c’Umuzayituni, kiri ahantu gishikirwa ku mpande zose n’umuco w’izuba umwanya wose; si mu gihe gusa c’iseruka ry’izuba, eka si no mu gihe gusa c’irenga ryaryo. Nya mavuta rero ya nya giti gihezagiwe ahakwa kwaka akabonesha n’aho yoba ataracanwa n’umuriro; agize ngo aracanwe hoho yaka vy’akaroruhore ukabona hose harakaka, ari umuco ku wundi. Ni nk’ukwo nyene rero umuco w’uburongozi ubonesha mu mutima w’umwemeramana. Burya rero Imana Allah, Irongora uwo Ishatse Ikamushoboza kuzigama no gukurikira Qor’ani, kandi Imana Allah Icira agace abantu b’abanyabwenge kugira batahure ivyemezo n’amabwirizwa vyayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe.
36Uwo muco w’uburongozi rero uri mu misigiti, Imana Allah Yategetse ko yubakwa ikubahwa hakanayagirwamwo izina ryayo mw’ininahaza n’itaziramana no mu gusoma Qor’ani, n’ibindi, maze nya misigiti igasengerwamwo gusa Imana Imwe Rudende Allah mu gitondo no ku mugoroba;
45Imana Allah, ni Yo Yaremye zina-kintu cose kigendagenda kw’isi mu biremwa Igikomoye ku mazi. Muri ivyo biremwa rero, harimwo ibigenda vyikwega ku nda, hakabamwo n’ibigendera ku maguru abiri, harimwo n’ibigendera ku maguru ane. Burya Imana Allah, Irema ukwo Ishatse. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose.
48N’iyo indyarya zirarikiwe mu gihe co gukemura amatati yazo, kugaruka zikisunga Igitabu c’Imana Allah n’ingingo y’Intumwa yayo, haca hiyadukiza umugwi muri zo wirengagiza ukanka nya ngingo y’Intumwa, kandi ari yo ngingo y’ukuri.
51Nayo abemeramana koko, bararikiwe mu gihe co gukemura amatati yabo kwisunga Igitabu c’Imana Allah n’ingingo y’Intumwa yayo, baraheza bakagamburuka, maze bakavuga bati: “Twumvise ingingo twahawe kandi twumviye n’uwayidushikirije”. Abo, ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
57Ntiwibaze rero ko abagararije bananiye Imana Allah ko Yobahanira kw’isi, ahubwo nyabuna Irashoboye kubahanira kw’isi, mbere n’ubushikiro bwabo ni mu muriro wa Jahannamu, ni na yo maherezo mabi cane.
60N’abakecuru batagishoboye kuva mu nzu, batagikeneye no gushingirwa, si bibi kuri bo kutambara umwitwikiro mu gihe atari mu ntumbero yo kugaragaza ibisharizo bambaye; ariko mu gihe bokwambara nya mwitwikiro bakikwiza, vyoba ari vyiza kurusha kuri bo. Burya Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana.
61Si bibi ku mpumyi, ku bimuga no ku barwayi kureka gukora ivyo badashoboye mu mabwirizwa, biturutse ku bumuga canke ku ndwara; eka si na bibi kuri mwebwe gufungurira hamwe mu miryango yanyu, canke mu miryango ya ba so na ba sobukwe, mu miryango ya ba nyoko canke iya benewanyu, mu miryango ya bashikanyu canke iya ba sowanyu, mu miryango ya ba nyogosenge canke iya ba nyokorome, mu miryango ya nyokwanyu, mu miryango mushinzwe gucungera ku burenganzira bwa bene yo mu gihe batahari no mu muryango w’umugenzi wanyu; muri ico gihe rero, si bibi kuri mwebwe gufungurira hamwe abagabo n’abagore canke gufungura umwe wese ukwiwe. Nimwinjira rero mu nzu zibamwo abantu (mu mihana), muraheza mwihe indamutso nziza ihezagiye ivuye ku Mana Allah muti: “Nimugire amahoro, impuhwe z’Imana Allah n’imihezagiro yayo”. Nihatagira abantu baba muri nya nzu, zikaba zagenewe ibindi bikorwa, muraheza mwihe indamutso muti: “Nitugire amahoro, twebwe hamwe n’aberanda b’Imana Allah”. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yabatomoreye ingingo zijanye n’urupfasoni rwo gufungura - Ibatomorera ivyemezo n’amabwirizwa vyayo kugira mubitegere, muheze muvyubahirize.
62Abemeramana vy’ukuri, ni abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo; no mu gihe bari kumwe n’Intumwa mu gikorwa kibahuza, ntibiyonjorora mu bandi batabanje kuyisaba uburenganzira bwo kugenda. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri abagusaba uburenganzira ku mvo zumvikana, abo ni bo bemeye koko Imana Allah n’Intumwa yayo; nibagusaba uburenganzira bwo kuja gutunganya utwabo, uraha nya burenganzira uwo ushatse muri bo, uheze unabasabire ikigongwe ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
64Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Rugaba w’ibiri mu majuru n’isi, nta nkeka rero ko ubumenyi bwayo buhetuye ivyo mukora vyose, n’umusi ibiremwa vyose vyasubijwe kuri Yo Izobibwira ido n’ido ku vyo vyakoze kw’isi, Iheze Inabibihembere. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe.