2Ikintu cose Imana Allah Igomororeye abantu ku mpuhwe zayo mu bibabeshaho; imvura, amagara meza, ubumenyi, n’ibindi mu nema zayo, nta n’umwe ashobora kukizibira ngo ntigishikire abo Yakigeneye. Ni nk’uko nyene kandi ikintu cose Imana Allah Igumije muri izo nema zayo ngo abantu ntibakironke, ata n’umwe ashobora kukibarungikira mu nyuma yayo, ni Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
3Emwe bantu! Nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, maze muyininahaze, muyitazire mu buryo bwose, aho muzoba muri hose, nta mana Yabaremye atari Imana Allah Ibaronsa ibibabeshaho biturutse ku mvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, n’ibiva mw’isi mu bimera hamwe n’ubutare, n’ibindi. Nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. None ni gute muyibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!
5Emwe bantu! Mu vy’ukuri, isezerano ry’Imana Allah ryo kubazura no kubahembera ivyo mwakoze, ni iry’ukuri; ntimugahendwe rero n’ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi, kandi ntimugahendwe na shetani ngo ibakure ku Mana Allah;
6Mu vy’ukuri shetani ni umwansi wanyu, na mwe nyene rero nimumugire umwansi, ntimukamwumvire. Ni ukuri shetani irarikira umugwi wayo mu nzira y’ubuhuvyi, kugira uzobe mu bantu bo mu muriro wama wegenyejwe.
7Abahakanye bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bagahakana n’ivyo bashikirijwe n’Intumwa, barategekanirijwe ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nayo abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, baheze bababarirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bazonaronka n’impano nta ngere kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.
8Uwuryoherejwe na shetani ibikorwa vyiwe bibi maze akabibona ko ari vyiza, yoba angana mu butore n’uwarongowe n’Imana Allah mu nzira igororotse, agaheza agatandukanya icatsi n’ururo, maze iciza akabona ko ari ciza, ikibi na co akabona ko ari kibi! Mu vy’ukuri Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse ku bugaba bwiwe, Ikarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe. Ntumwa y’Imana! Ntukicwe rero n’intuntu kubera ubugarariji bw’abaryoherejwe ivy’isi, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibintu vyose bakoze kw'isi kandi Izobibahembera.
10Uwurondera rero icubahiro c’iteka mu buzima bwo kw’isi canke mu bw’inyuma yo gupfa, arakironderera mw'iyumviramana, burya icubahiro cose c’iteka gikomoka kuri Yo. Ininahaza n’itaziramana riduga ku Mana Allah, n’ibikorwa vyiza nyene Ibiduza kuri Yo. Abagira ubwononyi mu gucumura, barategekanirijwe ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ubwononyi bwabo rero nta co buzobashikanako.
15Emwe bantu! Mwebwe mukeneye Imana Allah muri vyose, nta na kimwe mwikenuyeko ku bwanyu, burya Imana Allah, ni Yo Uwikenuye Yikenuye muri vyose, Nyenugushimwa, Ishimwa mu bihe vyose ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo;
18Nta munyavyaha azohanirwa ivyaha vy’uwundi. Uwuzoremerwa n’ivyaha, maze agasaba ko hogira uwumwakira mu kumuremururira umutwaro w’ivyaha, ntazoronka n’umwe amwakira ngo amuremurure n’icaha na kimwe, n’aho yoba ari incuti ya hafi basangiye amaraso; nka se canke mwenewabo. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri wewe, ugabisha abatinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah kandi batayibona, bakanatsimbataza n’amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo. Uwuzokwiyeza mu kudacumura no mu kutabangikanya Imana Allah, azoba yiyejeje ku neza yiwe. Ni ku Mana Allah rero ibiremwa vyose bizosubira kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
١٩وَمَا يَسْتَوِي الْأَعْمَىٰ وَالْبَصِيرُ
19Nta ho vyakabaye ko igipfamaso mu kutabona ukuri, gishobora kungana mu butore n’umuntu abona agakurikira inzira y’ukuri;
٢٠وَلَا الظُّلُمَاتُ وَلَا النُّورُ
20Eka n’umuzimagiza w’ubugarariji nta ho usa usana n’umuco w’ukwemera;
٢١وَلَا الظِّلُّ وَلَا الْحَرُورُ
21Eka n’agatutu gapfutse ntigashobora kuba nk’umuyaga w’akayagirizo;
22Eka n’ababayeho ubuzima bw’ukwemera nta ho basa basana n’ibipfamutima vyishwe n’ubugarariji. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irumvira Ikakirira uwo Ishatse mu biremwa. Ntumwa y’Imana! Kurya wewe udashoboye gutuma abari mu mva bumva, ni ko udashoboye gutuma ibipfamutima vyishwe n’ubugarariji vyumva;
٢٣إِنْ أَنْتَ إِلَّا نَذِيرٌ
23Burya wewe, nta kindi ujejwe atari ukugabisha ku bihano vy’Imana Allah.
28Twaremye no mu bantu, mu nyamaswa n’ibigendagenda mw’isi no mu bitungwa, ibitandukanye kw’ibara; nk’ibitukura, ivyera n’ivyirabura, n’ibindi. Ni ukuri, abatinya ibihano vy’Imana Allah bakavyirinda, ni abamenyi bazi Imana Allah ku biyiranga mu mazina n’amatazirano yayo, no mu bushobozi bwayo bwo kurema ibitandukanye kw’ibara kandi inkomoko yavyo ari imwe. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi-ntangere.
29Mu vy’ukuri, abasoma Igitabu c’Imana Allah ca Qor’ani bakagendera n’amabwirizwa yaco, bagatsimbataza n’amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo, bagatanga no mu vyo Twabaronkeje mu buryo butegetswe canke biyemeje mu mpisho no ku mugaragaro, bagakora ivyo vyose barondera urudandazwa rutigera ruhomba ku Mana Allah;
30Izobaha impembo z’ibikorwa vyabo itagabanijwe, Yongere Ibagwirize ku mpano zayo ivyiza vyabo, mu vy’ukuri ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenindishi, Isubiriza mu ndumane uwutanga.
34Mu kwinjira muri nya Bwami, bazovuga bati: “Nihashimagizwe Imana Allah Yo Yatumaze agahinda n’intuntu ku mutima. Mu vy’ukuri Imana yacu Rurema Allah, ni ukuri ni Nyenikigongwe-ntangere kuko Yatubabariye, Nyenindishi kuko Yatwakiririye ibikorwa Ikanatugwiriza indishi;
39Emwe bantu! Imana Allah, ni Yo Yabagiriye kubaho mukurakuranwa kw’isi. Uwo wese rero agararije isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, ahanirwa iryo garariza ku gatwe kiwe. Burya igarariza ry’abagarariji, nta co ribongerereza ku Mana yabo Rurema Allah, atari ugushavurirwa; eka no kugarariza kwabo Imana Allah, nta co kubongerereza kiretse agahombo no guhona.
41Mu vy’ukuri Imana Allah, Igumije amajuru n’isi kugira bigume aho biri bidahungabanye. Mu gihe rero vyohungabana bikava aho biri, nta n’umwe havuye Imana Allah yoshobora kubigumya akabigumiza aho bitegerezwa kuba; mu vy’ukuri, ni Yo Yamye ari Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba, Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya.
43Ntibarahiye rero bemanga ukuri, ahubwo barahiye ku mvo zo kugira amanyama no kwihambaza ku bantu kw’isi, barondera gukwiragiza ubwononyi; kira noneho inkurikizi y’ubwononyi, igaruka kuri bene bwo. Mbega abakwiragiza ubwononyi kw’isi, hoba hari ikindi barindiriye atari uguhanwa nk’ab’aho hambere yabo! Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo guhana abagarariji bagenzwa n’ubwononyi.